HAGIYE KWAKIGWA ABANDI BANYESHURE MUBISATA 6 MURI KAMINUZA Y’UBURUNDI BIYONGERA KUBAHERUKA KWIYANDIKISHA MUBAKOZE EXETAT 2019
Nkuko biboneka mw’ itanganzo ry’ ubushikiranganji bw’indero n ubushakashatsi ryokuruyu wa 7 gitugutu,
Kaminuza y’Uburundi yongeye guha amahirwe abandi banyeshure biyongera kubari baramaze kwiyandikisha vyimfatakibanza! Urwo rwaruka rw’abanyeshure bakoze cakibazo ca Reta (Examen d’Etat édition 2019), batumweko habanje kugabanywa amanota bari bafatiyeko mwiyandinkwa ryambere.
Mukamenyako bagabanijeko amanota angana na 1 kwijana (1%) kubisata nka vyose ugereranije nayo bari bafatiyeko mumuce wambere w’abamaze kwiyandikisha.
Ibisata bemerewe kwiyandikishamwo bikaba biboneka mw’iryo tangazo nyene.
Mwomenyako kubifuza kubandaniriza mubisata nka
1.Médecine
2 Statistique
3.Technologie d’information et de la communicatio. Bobo batarahamagarwa kugira bakore ibibazo bibemerera kwiga ivyo bisata.Mwakiriye gute iyo ngingo y umushikiranganji?


